UBM News ads

Benjamin Netanyahu n’umugore wiwe barahatswe kwicwa mu gitero ca Hezbollah na iran.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Benjamin Netanyahu yatangaje ko Iran hamwe n’umuhari hezbollah baraye bahatswe kumwica n’umugore wiwe ariko Imana igakinga.

Netanyahu avuga ko ababikoze bazovyishura ikiguzi gikomeye cane.

umushikiranganji wa mbere wa Isiraheli Benjamin Netanyahu yaraye atangaje ko yarokotse mu gitero be n’umugore wiwe c’ubwiyahuzi ca drone kiyobowe na irani ikoranye n’umuhari hezbollah bagavye ku rugo iwe ariko bagasanga siho ari

Netanyahu yatanze ubutumwa kubo yita abansi biwe harimwo irani nabo bifashanya agira ati:”Uwuzoshaka kurwanya n’abanyagihugu ba Isiraheli azobiriha ikiguzi gikomeye cane.

Isiraheli izobandanya kurandurana n’imizi imihari y’iterabwoba nabo bifashanya bose.

Isiraheli izogarukana abagizwe burwati i Gaza.

Abanyagihugu bahunze intambara mu buraruko bazosubizwa mumazu yabo”.

Benjamin Netanyahu arangiza amenyesha ko yiyemeje gushika kw’ihangiro yihaye y’urugamba kugira akingire umutekano w’urunganwe rwa kazoza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments