Umukuru w’ingabo za Uganda Gen Muhoozi Kainerugaba yategetse uwuserukira Amerika muri Uganda William w.popp gusaba imbabazi bitarenze kuwa mbere isaha 3 zo mu gitondo canke yirukanwe kubutaka bwa Uganda.
Muhoozi amwagiriza kutubaha prezida Museveni hamwe no gusuzugura ibwirizwa nshingiro rya Uganda.

Mu gihe kumusi wa gatatu w’iyi ndwi Amerika yafatiye ibihano bamwe mubari munzego z’igipolisi bagirizwa guhohotera agateka ka zina muntu,umuhungu wa prezida museveni akaba n’umukuru w’ingabo za Uganda Muhoozi kainerugaba amenyesha ko agiye guhangana na Amerika.
Ku musi w’ejo Muhoozi kainerugaba yasavye uwuserukira Amerika muri Uganda kuba yasavye imbabazi bitarenze kuwa mbere isaha 3 z’igitondo. William pop yagirizwa na Gen Muhoozi kuba atubaha Prezida Museveni no gusuzugura ibwirizwa nshingiro rya Uganda
Ibi vyose bivyutse kubera ibihano biherutse gufatirwa abakuru 4 bakomeye mu gipolisi aribo:Bob kagarura,Alex Mwine,Elle Womanya,Hamdani Twesigye.abo Bose akaba atanumwe yemerewe guhonyoza ikirenge muri Amerika.
Nta misi yari iheze kandi igihugu c’ubwongereza na Leta zunze ubumwe za Amerika bifatiye ibihano Uwuvugira inama nshingamateka ya Uganda Anita among hamwe n’abashikiranganji Goretti Kitutu,Agnès Nandutu,na Amos Lugobbi.abo Bose bagirizwa kugira uruhara mw’inyuruzwa ry’amabati yaragenewe abo mu bwoko bwa karamoja.
Nkuko Gen Muhoozi kainerugaba abishikiriza kurubuga rwiwe rwa x avuga ko ata gihugu c’abanyamahanga kizodubira kuza kwivanga muvya Uganda.





Recent Comments