Umurwi w’abanyamerika urongowe na kirby Gonzales baraye bishikiye mu kigo ODECA kwirabira ikawa y’uburundi mu ntumbero yo gukora amasezerano y’ubuguzi.

Ku musi w’ejo igenekerezo rya 30 myandagaro 2024,umurwi w’abanyamerika wari urongowe na Kirby Gonzales bari bishikiye kwirabira ikawa y’uburundi kugira bashike ku masezerano yo kugura ikawa y’uburundi kandi ku giciro ciza.
nkuko vyashikirijwe na Kirby Gonzales yagize ati:”Turanezerewe kuba hano kugira twubake ugufashanya gukomeye.twiyemeje kumenyekanisha ikawa y’uburundi kw’isi yose”.
Nayo Umuyobozi ajejwe intwaro n’ubutunzi mu kigo ODECA yamenyesheje ko bagiye gukwirikiza akamo k’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu gukora urudandazwa rw’ikawa ku rugero rushimishije badaciye ku bandi bantu bita aba commissionaire.





Recent Comments