UBM News ads

Evariste Ndayishimiye N’umubeshi-Bob Rugurika

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umumenyeshamakuru akaba arongoye iradiyo RPA Bob Rugurika aremezako umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ariwe yivugiye ko umukozi w’iperereza Gerard Ndayisenga yafashwe kubera ariwe yishe umunywanyi wa CNL Matata Augustin none akaba yaraye arekuwe adaciriwe urubanza.kubwa Bob Rugurika vyerekana ko Evariste Ndayishimiye yama arangwa n’ububeshi.Ibi yabishikirije kuri Radiyo RPA ku musi w’ejo.


Umumenyeshamakuru akaba n’umuyobozi w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu Bob Rugurika avuga ko bibabaje kubona umukozi w’iperereza Gerard Ndayisenga yari yafashwe muri 2021 yagirizwa kwica umunywanyi w’umugambwe CNL Matata Augustin akamwicira mw’iperereza yaraye arekuwe adaciriwe urubanza.

Ikibabaje nkuko bishikirizwa na Bob Rugurika nuko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ariwe yari yariyemereye ko Gerard Ndayisenga yafashwe kubera ariwe yishe uwo munywanyi wa CNL Augustin Matata.

Bob Rugurika akaba avuga ko umukuru w’igihugu yama abesha abarundi.ivyo abwira abarundi abazi ko ariko arababesha haba ivyo ubutare,imbona kazoza n’ibindi..

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments