UBM News ads

Mu mugambwe CNL baratanguye kwidogera umurwi CENI ko uhengamye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe CNL urongowe na Nestor Girukwishaka baratanguye kubona ko ataco bazonoba mu matora yimirije ya 2025.bagiriza umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI guhengama mu gushiraho imirwi CEPI na CECI,muri CNL bavuga ko barose abantu 5/52 bagize CEPI na 24/294 bagize CECI mu gihe Umugambwe CNDD-Fdd wowo wiganziye ibibanza nka vyose.

mw’ikete basohoye ku musi w’ejo,umugambwe CNL urongowe na Nestor Girukwishaka batanguye kwidogera umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI guhengama no kutigenga,no kudakorera mu muco.

Nkuko bigaragara muri iryo kete,umigambwe CNL uvuga ko umugambwe CNDD-Fdd ariwo wiganziye ibibanza nka vyose mu bagize imirwi itegura amatora mu ntara(CEPI)no mu makomine(CECI).

Ni mugihe umugambwe CNL uvuga ko ukomeye mu gihugu wahawe abantu 5 gusa kuri 52 bagize CEPI na 24 kuri 294 bagize CENI.

Naho biri uko umugambwe CNL umenyesha ko uzokwitabira amatora ya 2025 yose ugasaba umurwi CENI gukorera mu muco no kudahengama.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments