Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe aremeza ko impamvu ituma haba ibitigiri vy’umurengera mu mashure ari uko abarundi bavyara cane kandi bakaba badashaka kugabanya imvyaro.agira ati:«Emwe abarundi muribaruka pe!bababwiye ngo mugabanye imvyaro ntimuvyumva muca muvuga ngo Imana niyo yabahaye,bababwiye bati basi muvyare abashika 3 ntimuvyumva.none bizogenda gute?Ibi yabishikirije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21myandagaro 2024 mu nama nshingamateka.

kw’igenekerezo rya 21 myandagaro 2024,Inama nshingamateka yarakoranye irongowe na Daniel Gelase Ndabira asanzwe ayirongoye aho bari baramutse barabira hamwe icegeranyo c’umurwi wamaho muvyo ujejwe harimwo inyigisho mu mashure wakoze cerekeye ingorane zibonekeza mumashure ya Kaminuza cane cane muri Kaminuza y’uburundi.
Nkuko vyashikirijwe n’aba bashingamateka kaminuza y’igihugu ifise ibibazo vyinshi cane mbere bisa n’ibigoye gutorera umuti.mu bigo vya kaminuza y’uburundi bagendeye akari Ikigo c’izege c’igitega,kamenge,Mutanga,Buhumuza,Kiriri hamwe n’ishure Nderabigisha ENS.Mu bibazo basanze bihanze ivyo bigo harimwo ibibazo vy’inyubako zishaje,ubwinshi bw’abanyeshure,inzara yibonekeza mu banyeshure,ubukene bw’abarimu,aka gurane bita pret bourse nako ntikagifasha abanyeshure iyo kabonetse naho karateba cane ibiheza bigatuma abanyeshure biga mu buzima bubi cane.
Umukuru w’inama nshingamateka avuga ko ikibazo c’indero gikwiye gufatwa mu minwe n’abarundi bose ubwabo ntibarindire Leta.akaba yavuze ko ivyo bibazo vyose bimurengeye kandi ko n’umushikiranganji w’indero Francois Havyarimana nawene bimurengeye ariko ko bagiye kugerageza.kimwe muvyotanga umuti nkuko vyashikirijwe Na Gelase Ndabirabe nuko hakwiye kwubakwa ama kaminuza ku mitumba yose igize igihugu gutyo abana bakiga hafi,bagasuma ibifungurwa bizimbutse,bakaronka uburaro bitabagoye bakiga ibisata bikenewe kandi baronkera ubuzi.
Gelase Ndabirabe asanga impamvu ituma hibonekeza ubwinshi bw’abanyeshure harimwo ikibazo cuko abarundi bavyara cane ntibashake kuvyara abo bashobora kurera. agira ati:«Emwe abarundi muribaruka pe!bababwiye ngo mugabanye imvyaro ntimuvyumva muca muvuga ngo Imana niyo yabahaye,bababwiye bati basi muvyare abashika 3 ntimuvyumva.none bizogenda gute?
Umukuru w’inama nshingamateka aremeza kandi Leta idashobora guha ubuzi abaheza bose ahubwo bironderere ubuzo bonyene.agira ati:Ubajije umuntu arakubwira ati jewe ndiko ndajana abana kw’ishure. ati none bazoza gukora he?ntakwishura abanyeshure bose ubabonye mw’ibarabara ubona ari uburo umengo n’uburo,amashurwe mw’ibarabara.ukibaza uti none barya bose baraba Leta?
Nayo umushikiranganji w’indero Francois Havyarimana akaba amenyesha ko vuba cane akagurane pret bourse kagiye kuduzwa kugira hagaruke akanovera mu ndero maze abana bige batekaniwe.





Recent Comments