UBM News ads

Angeline Ndayishimiye avuga ko bamubesheye ku bijanye n’umuceri yagemuye mu gihugu ca Guinée Equatoriale ko utari uwo ubushinwa bwahaye uburundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uburundi arabeshuza akongera agahakana amakuru yagiye aravurwa ku ngabire y’umuceri yatanzwe ku gihugu ca Guiné Equatoriale. Angeline Ndayishimiye akavuga ko uwo muceri wavuye muri fondation Mugiraneza arongoye maze awushira Fondation irongowe n’umukuru w’igihugu ca Guinée Equatoriale. Ikindi ngo uwo muceri ntabwo wari wavuye ku ngabire y’umuceri yatanzwe n’igihugu c’ubushinwa ku Burundi.

Mu kiganiro yagiranye n’ iradiyo y’abongereza BBC, Angeline Ndayishimiye yagize ati :« Umuceri nagemuye n’uwo muri fondation Mugiraneza yashiriye Fondation y’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Guinée Equatoriale . Uwo muceri ntiwari uwo abashinwa, no ku mifuko n’uko bataravye bari kubibona. Barabeshe!»

Tubibutse ko havuzwe amajambo menshi kw’iyo ngabire y’umuceri yahawe Guinee Equatoriale kandi mu gihugu c’uburundi havurwa inzara izura inzara mu miryango itari mike. Ivyo bamwe n’abandi babona ko atawoja kuzimya inzu y’umubanyi kandi rwawe iriko irasha.

Uwo mutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uburundi arahakana kandi ko ata sano bafitaniye n’ishirahamwe Prestige ridandaza ibitoro mu Burundi. Angeline Ndayishimiye akaba yabwiye BBC ko yabonye ubwa mbere nyene iryo shirahamwe bahuriye mu ndege ko atari amuzi ngo niko guca amwibwira ko ariwe arongoye ishirahamwe Prestige ridandaza ibitoro mu Burundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments