Umukuru w’igihugu c’uburusiya Vladmir Poutine ntazokwitabira inama y’ibihugu bigize BRICS izobera i Johannesburg mu gihugu ca Afrika y’epfo mu mpera z’ukwezi kwa Myandagaro 2023. Vyatangajwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo. Perezida Poutine akaba azoserukirwa na Serguei Lavrov, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’uburusiya. Ivyo bikaba bihejeje gukuraho impari n’ibibazo vyari bimazeho imisi bigamije kumenya nyimba Vladmir Poutine azokwitaba iyo nama ya BRICS kandi akwirikiranwa n’umutahe mpuzamakungu wa CPI ku vyaha vyo mu ntambara yakoreye mu gihugu ca Ukraine.

Nkuko biri mw’itangazo ryasomwe na Vincent Magwenya , umuvugizi w’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Cyrille Ramaphosa, ngo iyo ngingo yafashwe inyuma y’imishikirano myishi yakozwe na Perezida Ramaphosa mu mezi aheze harimwo n’iyabaye mw’ijoro ryakeye nikwo gusanga Perezida w’uburusiya atokwitaba iyo nama ariko agaserukirwa n’umushikiranganji wiwe w’imigenderanire n’ayandi makungu Serguei Lavrov.
Tubamenyeshe ko kubera igihugu ca Afrika y’epfo gisanzwe carinjiye muri sentare ya CPI kuva kera, Abatari bake harimwo n’ibihugu rutura vyo mu burengero bw’isi vyari vyiteze kuraba nyimba ico gihugu ca Nelson Mandela cofashe Vladmir Poutine kikamushikiriza CPI. Ni inyuma yaho Pretoria yari imaze imisi iterekana aho ihagaze ku kibazo c’intambara ihuza uburusiya na Ukraine, Ivyo ariko bamwe n’abandi babona ko Afrika y’epfo ishigikiye uruhande rw’uburusiya .





Recent Comments