UBM News ads

Rachid sheikh Malachie Niragira, yaserukira uburundi muri Egypte yaraye apfuye giturumbuka.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amakuru yatanzwe n’umukozi wa Nyakwigendera avuga ko Rachid Sheikh mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu yagiye kuryama akomeye mbere aryama yumvikanye n’uyo mukozi wiwe ko bazozinduka bajana gusuma.

Bukeye kuwa gatandatu, wa mukozi yararindiriye ko sebuja avyuka arahebura nikwo guca uwo mukozi inyuma y’umutaga yagira amakenga maze aja kudodora ku cumba c’umukoresha wiwe yumva ntiyishura nikwo guca yugurura asanga yapfiriye mu gitanda.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye akaba yahojeje umuryango wabuze , incuti n’abagenzi biwe. Uyo muhisi akaba akaba yarasanzwe akiri mu mabanga yo guserukira uburundi muri Misiri.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments