UBM News ads

Abazoja kuzana hanze ibidandazwa baterekanye aho bakuye amadorare yo kubirangura bazohanishwa kuriha amafaranga angana n’ayo baguze ivyo bidandazwa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuva ubu, Uwuzoja kurangurira hanze ibidandazwa azobanza kwerekanwa aho bakuye amadorare yagiye kubiranguza. Vyashikirijwe mw’iy’indwi turiko tusozera na Audace Niyonzima, umushikiranganji w’ikigega ca Leta aho amenyesha ko bagiye guhagurukira ababika amadorare mu mazu aho kuyajana mu ma banki kandi ubu vyemewe ko umuntu wese atunga ikonti y’amadorare.

Umushikiranganji Audace Niyonzima akaba yamenyesheje ko uwuzokwinjiza ibidandazwa wese azokwerekana urupapuro rwo muri banki , rwerekana aho yakuye amdorare yarishe ivyo bidandazwa. Mu gihe bazosanga ata banki nimwe wakuyemwo ayo madorare, ngo uzoca uhanishwa kuriha amafaranga angana n’ayo waguze ivyo bidandazwa ushaka kwinjizwa.

Tubamenyeshe ko Iyo ngingo ifashwe iri mu rukwirikirane rw’ibihano biriko bifatirwa abanyegeje amafaranga yabo mu mazu, ivyo Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yidogeye ndetse biranamubabaza mu misi iheze kuko kubwiwe ngo abo bantu bari bafise umugambi wo guhungabanya ubutunzi bw’igihugu. Mu kwezi guheze kwa Ruheshi, Inoti za 5000 n’iza 10000 zarahinduwe mu ntumbero yo guhasha abo babitse ibifovya vy’amafaranga mu mazu yabo, ingingo bivurwa ko harabo yakozeko kubera ingingo y’ibanki nkuru y’igihugu BRB yatomora neza ko atawemerewe kubitsa amafaranga arenga imiriyoni cumi mu kiringo c’imisi cumi bari barahawe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments