Sentare ya Makindye mu gihugu ca Uganda yategetse umugabo asanzwe ari mu barongozi ba «groupe» ya Whatsapp bita umu «admin», gusubizamwo umwe mubari bayigize . Akaba yikoze ku butungane avuga ko yatswe uburenganzira bwiwe bwo kuba hamwe n’abandi.

Uwitwaye mu butungane yitwa Herbert Baitwababo , yavuze ko yakuwe mw’uwo muryango wa whatsapp bise «BUYANJA MY ROOTS» (ukaba warugizwe n’abantu bavuka hamwe ), atagishijwe inama.
Umucamanza Igga Adiru, kuri uyu wa mbere akaba yategetse uwitwa Allan Asinguza ari nawe ari «admin» canke umuyobozi w’iryo huriro rya whatsapp , gusubizamwo uyo mugabo yitwaye mu butungane. Uwo mucamanza akaba yavuze ko mu kumukura mu bandi , uyo mugabo yatswe uburenganzira bwiwe bwo kuba hamwe n’abandi.
Urwo rubuga rwa whatsapp ruhuza abantu bavukiye mu karere ka Buyanja, ngo rwari rugamije kuzoza ruregeranya amafaranga maze agakoreshwa mu bikorwa vyo gushigikirana harimwo no gufasha uwuba yagize ivyago nkuko bivurwa na Herbert Baitwababo.
Kuwa 16 Rusama 2023, Nk’umwe mu bagize iryo huriro , ngo yandikiye Asinguza amusaba ikete rimuha ububasha bwo gukora nk’umuyobozi ndetse anasaba igenzurwa ry’amafaranga yaramaze gutozwa guhera mu mwaka wa 2017 igihe iryo huriro ryashingwa. Ngo aho kumusubiza, kuwa 17 Rusama 2023, Asinguza yaciye amukura muri groupe, amatati aca aravuka niko guca Baitwababo aja kwitwarira mu butungane Asinguza kuba yamwatse uburenganzira bwo kuba hamwe n’abandi ndetse no kumwigiza kure ku bijanye n’ubutunzi bw’iryo huriro ry’abavuka I Buyanja.





Recent Comments