UBM News ads

Leta igiye gutangura gutoza ikori ku bantu batunze ibintu vy’umurengera.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hagiye gutozwa ikori ku bantu batunze ibintu vy’umurengera. Biheruka gutangazwa n’umushikiranganji w’ikigega ca Leta , Audace Niyonzima igihe yariko asigurira abashingamateka ibiri mu nteguro y’itegeko rigenga amafaranga Leta izokoresha mw’uy’umwaka wa 2023/2024.

Iyo nteguro y’itegeko iratomora abantu bifise bagiye kuzoza batanga ikori, ni ukuvuga abatunze imodoka zizimvye, abubaka inzu igira gatau n’abandi. Ikindi kiri mw’iyo nteguro, nuko ibice 5% bizotozwa ku muntu wese azoba agurishije inzu irenza imiriyoni 500.

Mw’ishirahamwe OLUCOME biyemeje kurwanya abarya ibiturire no gusesagura amatungo ya Leta barashimishwa cane ko ubu hagiye gutangura gutozwa ikori ku bantu batunze ibintu vy’umurengera mu nteguro y’amafaranga Leta izokoresha mu mwaka wa 2023/2024. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME avuga ko bari babisavye kuva kera ariko bitari bwashikweko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments