UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Muri SAHWANYA FRODEBU babona ko Perezida Ndayishimiye yemereye ibintu vyinshi abarundi ariko ko hakozwemwo bike mu myaka itatu ari ku butegetsi.

UBM News ads

Umugambwe Sahwanya FRODEBU ubona ko Leta ya Varisito Ndayishimiye yemereye ibintu vyinshi abarundi ariko ko ivyakozwe ari bike muri iyi myaka itatu yaraye akwije ari ku butegetsi. Vyatangajwe na Phénias Nigaba asanzwe avugira uwo mugambwe hari mu kiganiro yagiranye n’iradiyo n’imboneshakure ISANGANIRO.

Naho biri uko, Phenias Nigaba arashima utwigoro twagiye turakorwa mu bisata bitandukanye ariko agasaba ko imvugo yokwama ijana n’ingiro. Uwo muvugizi wa Sahwanya FRODEBU akaba yashize ahabona ibisata bimwe mu bitagenze neza hamwe n’ivyashitsweko. Aha Nigaba aravuga ko muri ico kiringo c’imyaka itatu ihaciye Perezida Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi, amafaranga mvamakungu yagiye arabura maze bigira ingaru nyishi muvy’ubutunzi. Igitoro cagiye kirabura kenshi cane bigahungabanya ubutunzi bw’igihugu. Ibindi vyagiye birabura kubwa Nigaba ni ifumbire, isima, isukari, n’ibindi. Kubwiwe, kutihanganiranira mu vya politike birabandanya , aho usanga hariho imigambwe iburabuzwa. Yongerako ko n’ubutungane bwagiye bwidogerwa cane n’abanyagihugu ndetse ko n’umukuru w’igihugu yavyivugiye ko hariho agahaze.

Hagati aho, muri Sahwanya FRODEBU barashima inagurwa ry’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu, ivyatumye uburundi butezurirwa ibihano bwari bwafatiwe n’amakungu. Uwo mugambwe ukaba ushima cane urugamba rwo guteza imbere intwaro ibereye rwatangujwe mu gutuza ba kaboko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments