Haciye ikirigo kingana amezi indwi umurwi w’abarundi ungana 48 bariko bishuza amafaranga yabo angana imiriyoni zirenga 200 z’amarundi bari barishe kw’ishirahamwe ritwara abantu n’indege rikorera mu Burundi ryitwa NZO Travel Agency. Ico gihe bari bayarishe bashaka kuja mu gihugu ca serbie mu nyuma bica birahagarikwa.Iryo shirahamwe rikaba ryari rirongowe n’umupfasoni Diane Tabita BARANDAGIYE. Nkuko ayandi mashirahamwe yaciye yihutira gusubiza abakiriya babo amatike bari batabuje, NZO Travel Agency irongowe na BARANDAGIYE ntiyabasubije utwabo niko guca uwo murwi upfungisha uyo mugore ariko birangira apfunguwe mw’ibanga abipfashijwemwo n’umushikirizamanza mukuru wa parake ya Mukaza yitwa NINGABA Etienne aho bivurwa ko yamuhaye igiturire kiboneka kugira iyo dosiye yubikwe.
Uwo murwi uratabaza umukuru w’igihugu c’uburundi we mucamanza kizigenza kubakomoreza utwabo kuko bari mu gahinda kanini bitewe nka bose bari basavye amadeni ahatandukanye nko mu ma banki , miryango no mu bagenzi ko rero ubu babarembeje ngo babasubize utwabo.

Umwe mw’uwo murwi uriko wishuza Diane Tabita BARANDAGIYE amafaranga yabo aratubwira ukwo vyagenze :«twe twarakatishije itike nkuko bisanzwe hama baratwugariyeko hariho abari kugenda mu kwezi kwa 11 baca bavugara itarike 20 z’ukwezi kwa 10 urumva hari hasigaye ko dusubizwa amafaranga nkuko n’ayandi ma agence amwamwe yagiye arabasubiza. Uyo mugore wewe ntiyadusubije haragera igihe akaguma abesha ngo ariko aradusubiza kandi atarivyo.twarituye inzego ziramufata zimuzana muri PJ baramwumviriza baca bamujana muri BSR ya MUKAZA arapfungwa imisi ingahe ntitwamenye ukuntu yapfunguwe n’uwo muri parake ya Mukaza yitwa NINGABA Etienne»
Uwo mushikirizamanza wa parake ya Mukaza yoba ataco yahavuye afasha uwo murwi warenganijwe ahubwo ngo yahavuye ashigikira uwo bashengeje mu butungane, uwo nawe ni wa mupfasoni BARANDAGIYE aho bavuga ko NINGABA Etienne yoba yahawe igiturire cinshi kugira iyo dosiye yubikwe. «wa mugore yatwiba ageze kwa NINGABA Etienne yaca atangura kwitoraguza , akifata nkuko agiye mu nzu yiwe twebwe bakadufata nabi bakadusunagura ngo dusubire hanze , muga wa mugore ngo yinjire asubire muri parake ya Mukaza wamenga yinjira nk’umuntu aje nko mu biro vyiwe ukamenga ni twebwe turi mu makosa. Uwo mushikirizamanza wa Mukaza ntashaka kurekura urwo rubanza biraboneka ko yapfumbatishijwe biboneka n’uwo mugore yadutwaye utwacu»
Abo banyagihugu batakambira umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye kizigenza mu butungane kubakomoreza utwabo yongere ababarize uwo mushikirizamanza wa Mukaza igituma yanse kubatunganiriza agahitamwo nyabuna gucudika n’uwo bitwariye yabivye utwabo. «Perezida Ndayishimiye muvyeyi wacu dufashe udukomoreze amafaranga yacu twibwe kuko ubutungane busa nu bwananiwe. Sebarundi we arengeye ubucamanza atubarize uwo Etienne igituma atadutunganiriza ahubwo abandanya acuditse hamwe n’umusuma yatwivye» Niko umwe mw’abo banyagihugu asaba.
Tubamenyeshe ko Abanyagihugu basabwa gusubizwa amafaranga yabo bangana 48 bakaba bose hamwe baheraniwe amafaranga angana miriyoni 209 n’ibihumbi 263 n’amafaranga 327 (209.263.327 Fbu. Inomero y’urubanza bitwaye muri parake ya Mukaza akaba ari RMP1020/KAJ.





Recent Comments