Leta zunze ubumwe za Amerika yaraye ifatiye ibihano abategetsi bo hejuru ba Uganda ibagiriza guhungabanya gateka ka zina muntu no kurya ibiturire. Ni ibihano bije inyuma y’imisi mike Perezida wa Uganda ateyeko umukono kw’itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye, aho uwuzofatirwa mw-ico caha ashobora kuzohanishwa igihano c’urupfu.
Ntabwo itangazo rya Amerika risobanura abategetsi ba Uganda abaribo bashizweko ku rutonde rw-abatemerewe guhonyoza ikirenge muri Amerika. Mu kwezi guheze, Umukuru w-inama nshingamateka ya Uganda , umupfasoni Anita Among yaratswe Viza yari yahawe yo kuja muri Amerika no mu bwongereza, bikaba vyari bifitaniye isano n’itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ryemejwe n’inama nshingamateka arongoye.
Mu ndwi iheze, Leta zunze ubumwe za Amerika zaheruka kuburira abanyagihugu bayo kubangira gufata ingendo mu gihugu ca Uganda kubera ko abaryamana basangiye ibitsina bashobora kugirirwa nabi ndetse ko hanashobora kubera ibitero vy’iterabwoba.





Recent Comments