UBM News ads

Perezida Ndayishimiye n’ abarwizatunga 200 i Washington kugira uburundi buzamuke mu butunzi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yarakoranije ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu I Washington muri Leza zunze ubumwe za Amerika Abarwizatunga bashika ku 200 bagizwe n’abanyamerika hamwe n’abo mu Burundi bagiye bajanye na Perezida Ndayishimiye.

Intumbero y’iryo huriro bise″Burundi Investment Forum‟ ni ukuganirako ku bijanye n’amasoko , uburusho hamwe n’ibisata nyamukuru abo banyamitahe bokoreramwo.
Muri iyo nama, Perezida Varisito Ndayishimiye akaba yashimikiye cane ku burusho butangwa na Leta arongoye ku barwizatunga bashaka kuza gukorera mu gihugu c’uburundi.

Tubibutse ko Abarwizatunga bagera kuri 41 b’abarundi aribo bagiye bagiye bajanye na Perezida Ndayishimiye muri Leta Zunze ubumwe za Amerika mu ntumbero yo kuja kwumvisha abandi banyamitahe mvamakungu kugira bashobore kuzana imitahe mu gihugu c’uburundi , igihugu kimaze imyaka irenga itandatu kiri mu bibazo vy’ubutunzi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments