UBM News ads

Uganda: Gen. Muhoozi ashigikiye M23 kuvyo iriko irwanira muri Congo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhungu wa Perezida wa Uganda akaba no mu ntwazangabo zo hejuru mu gisirikare ca Uganda, Gen.Muhoozi Kainerugaba abona ko umuhari M23 nyabuna utakwiye kwitwa umuhari w’iterabwoba nkuko abategetsi ba Congo bamaze imisi bawita ko ahubwo uwo muhari uriko urwanira uburenganzira bw’abatutsi muri Congo.

Abicishije ku rubuga rwa Twitter nkuko yama yabikoze, Gen.Muhoozi yanditse uku :”Kucerekeye M23, Nibaza ko bigoye, bigoye cane kuruta ku wari wewese ashaka barya bavukanyi bacu. Ntabwo ari abakora iterabwoba , Bariko barwanira uburenganzira bw’abatutsi muri Congo”
Amajambo amaze igihe avurwa n’uwo muhungu wa perezida wa Uganda abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Amaze gutuma kuvugisha abatari bake bo mu karere k’ibiyaga binini canke mu muryango wa Afrika y’ubuseruko . Ivyahavuye bituma Perezida Museveni ariwe se wiwe amuha gasopo kutaza yandika ku rubuga rwa Twitter ibijanye n’amakuru y’imigenderanire canke amabanga y’ibihugu.

Ubuheruka Perezida yasavye ikigongwe Abanyekenya bose ku majambo Gen.Muhoozi yari yatangaje ku twitter aho yamenyesheje ko Umuji wa Nairobi womutwara ikiringo c’imisi indwi imwe gusa kuba we n’igisirikare arongoye baba bafashe uwo muji, Ivyabaje ndetse bituma Abanyekenya bavuga amajambo akarishe ndetse barakaye bishura kw’ivyo vyanditswe n’uwo muhungu wa perezida wa Uganda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments