UBM News ads UBM News ads
Thursday, April 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Urwanda rwagiriza Congo kuvogera ikirere cabwo hakoreshejwe indege, RDC nayo iti vyatewe n’impanuka.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’urwanda yatangaje ko indege y’intambara yo mu gihugu ca Congo yo mu bwoko bwa Sukhoi-25 yavogereye ikirere cayo kuri uyu wa kabiri mu masaha yo mu gatondo, Ndetse ikaba yaguye mu mwanya muto mu kibuga c’indege ca Rubavu , ni mu ntara y’uburengerazuba.

Leta ya Congo nayo ikaba yahavuye yemanga ko indege yabo ya gisirikare yari iri mu gikorwa c’ubugenduzi bw’ingabo , yahavuye yisanga mu kirere c’ubutaka bw’urwanda bitewe n’impanuka.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona na Leta y’urwanda kuri uyu wa mbere, ryagize riti:”indege y’intambara yo mu bwoko bwa Sukhoi-25 y’igisirikare ca Congo yavogereye ikirere cˈurwanda isaha zitanu n’iminota 25 muri iki gitondo ; ndetse irwa akanya gato ku kibuga c’indege ca Rubavu , mu ntara y’uburengerazuba”
Iryo tangazo ryakomeje riti :”Nta cemezo ca gisirikare cafashwe ku ruhande rw’urwanda mu gusubiza, iyo ndege isubira muri Congo. Ubuyobozi bw’urwanda bwiyamirije ubwo bushotoranyi bubimenyesha Letq yq Congo ; yemera ko vyabayeho”

Ivyo bishitse mugihe Umwuka mubi uri hagati y’urwanda na Congo ukomeje kubandanya umera nabi nubwo hakomeje ibikorwa vyo gushaka ukwo uwo mubano mubi worangira biciye mu nzira y’ibiganiro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments