Inyuma y’ikiringo cababa umwaka amashirahamwe ahurikiye mu ma koperative yimba inzahabu ahagaritswe mu ntara ya Muyinga, Ayo mashirahamwe yaraye asubiye kuronswa uburenganzira bwo gusubira gucukura inzahabu mu makomine ya Butihinda, Muyinga na Gasorwe. Buramatari w’intara ya Muyinga Jean-Claude Barutwanayo agasaba ayo mashirahamwe gucukura inzahabu hisunzwe amategeko akabasaba kuvavanura n’ingendo mbi yaranze amashirahamwe amwamwe yo gushora inzahabu baciye mu nzira y’ibinywabi.
Buramatari w’intara ya Muyinga ati :« Turakenguruka kuko abanya Butihinda bari bamaze imisi barira ay’abana yuko batariko bimba inzahabu . Twaraye tubarekuriye yuko basubira kwimba ariko rero, ntibace bagenda ngo bimbe birukangana muri fraude, ntibace bagenda ngo bimbe birukangana inyuma y’igihugu, nibimbe umwimbu bakuye harya bawujane mw’ibanki nkuru ya republika hanyuma rero baronke ivyabo hama igihugu naco gishobore gutera imbere»
Tubibutse ko ayo makoperative co kimwe n’amashirahamwe mpuzamakungu acukura ubutare akaba yari yarahagaritswe na Leta mu kwezi kwa Mukakaro umwaka uheze mu ntumbero yo gutunganya gushasha igikorwa co gucukura ubutare.





Recent Comments