UBM News ads

Imvugo zibiri mu kigo ISTEEBU ku bijanye n’icegeranyo kivuga ingo zo mu Burundi zishwe n’inzara.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihe kuri uyu wa kane w’iy’indwi turiko tusozera ariho ikigo ISTEEBU kijejwe gutororokanya ibiharuro  mu Burundi gitangarije ko ibice birenga gato 40% vy’ingo zo mu Burundi zirirwa zitaronse ico zifungura, Ico kigo nyene caraye cisubiyeko mu kuvuga ko abantu babitahuye nabi ko ahubwo mu matohoza bakoze, basanze imiryango ingana n’ibitigiri 40,2% harabaye igihe umuntu umwe wo muri uwo muryango amara umusi wose atarose ico afungura kubera ko yabuze amafaranga canke ayandi mikoro. Mw’ico cegeranyo ca ISTEEBU, Intara ya Ngozi ikaba ariyo iza kw’isonga mu bwinshi bw’abantu batagira ico bashira ku munwa.

Umuyobozi mukuru w’ikigo ISTEEBU , Ndayishimiye Nicolas akavuga ko itohoza bakoze ryerekeye  ingene ingo n’imiryango bibayeho mu gihugu c’uburundi  mu mwaka wa 2019-2020, ryashizwe ahabona kuwa 30 Ruheshi 2022.  Iryo tohoza rikaba ryakorewe  ku kiringo kingana n’amezi 12 aheze , basanze mu miryango ingana n’ibitigiri 40,2%, harabaye igihe umuntu umwe  wo muri uwo muryango amara umusi wose ataco afunguye  kubera amikoro make n’ukubura amafaranga .

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments