UBM News ads

Ibihugu vyakiriye incabwenge z’abarundi bisabwa kuzirungika iwabo atari uko naho bitange indishi ku burundi (Varisito Ndayishimiye)

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye asaba amakungu kumusubiza incabwenge z’abarundi zikorera mu bihugu biteye imbere, batabirukanye naho batange indishi ku gihugu bakomokamwo kuko bigishijwe n’igihugu c’uburundi. Indishi we yitwa «inkwano». Ivyo umukuru w’igihugu akaba yabishikirije mw’ijambo yashikirije abarundi mw’isabukuru igira 60 uburundi buronse intahe yo kwikukira.Image

Perezida Ndayishimiye ati :«Nagombe nsabe amakungu abize amashure bose bashaka kuja guteza imbere ivyo bihugu vyateye imbere , nagire nsabe ivyo bihugu bireke kutwiba izo ncabwenge zacu. Twebwe mu migenzo yacu y’ikirundi , umukobwa agiye kwubaka urwiwe batamukoye , tuvuga ko yacikiye kandi mu muryango aba ikivume. Natwe rero, izo ncabwenge z’abarundi ziri iwanyu tubafata nkuko bacikiye. Mwebwe rero mwabacikije ni muduhe inkwano  canke mubaturungikire. Ni muduhe inkwano kuko bariko bakorera mwebwe kandi aritwe twabigishije»

Abatari bake mu barundi batuye mu bihugu vyo ku mugabane wa buraya hamwe na Amerika bavuga ko bataratahura nubu iyo mvugo yakoreshejwe na Perezida Ndayishimiye kuko womenga yiyibagije igituma izo ncabwenge zitaragama mu Burundi . Aho bavuga ko mu Burundi abakozi ba Leta nka bose bahembwa agashahara k’intica ntikize maze bikabagora kuronderera imiryango yabo. Ica kabiri bavuga ngo nuko mukugira uhabwe akazi habanza kurabwa imigambwe n’ubwoko aho hari kurabwa ubumenyi n’ubushobozi. Ikindi bavuga ngo Umukuru w’igihugu c’uburundi yasavye amakungu amananiza kuko izo ncabwenge zidashobora kutahukanwa nk’imbohe ko kandi ko ibihugu zibamwo zibibayemwo hakwirikije amategeko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments