UBM News ads

RDC: M23 imenyesha ko ititeguriye kurekura uburere imaze gufata naho inteko za EAC zigiye kuza kubarwanya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi w’umuhari M23 , Major Willy Ngoma amenyesha ko naho inteko zo mu karere ka Afrika y’ubuseruko zigiye kuza kurwanya uwo muhari umaze imisi uriko utana mu mitwe n’ingabo za Leta (FARDC) mu ntara ya Kivu muri teritware ya Rutshuru, nuko ngo batiteguriye kurekura uburere bwose bamaze gufata. Willy Ngoma akavuga kandi ko atabwoba bafitiye izo ngabo z’akarere ko batiteguriye kuzihunga.Uwo muvugizi  Yabitangarije  kw’iradiyo y’abaganda UBC.Image

Kw’iradiyo UBC , Major Willy Ngoma ati :«Nta bwoba dufitiye ingabo za EAC , Ntitugiye kuzihunga. Twe turi mu gihugu Cacu kandi turiko turwanira uburenganzira bwacu. Noneho na Perezida Museveni arazi discipline yacu»

Gushika  kuri uyu wa gatanu, Uburere buri muri teritware ya Rutshuru nka :Tchanzu, Bunagana, Premidis ,Tchengero, Kabidi  hamwe n’igice kimwe ca Rwanguba nibwo bumaze kuja mu minwe y’umuhari M23. M23 ikamenyesha ko ikeneye kuganira na Leta kugira hashirwe mu ngiro amasezerano y’i Nairobi yo mu mwaka wa 2013 aho uwo muhari igihe wasinyira amasezerano yo guhagarika intambara  wari wemerewe ko bamwe mu barwanyi b’uwo muhari bazoca bashirwa mu nzego z’umutekano abandi basubizwe mu buzima busanzwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments