Icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya,William Ruto akaba kandi iki gihe ari n’umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije kuba vuba, asezeranira abanyekenya ko hamwe agize amahirwe agatsindira intebe y’umukuru w’igihugu kuwa 9 Myandagaro 2022 azoca yihutira kwirukana abashinwa bose bari mw’ico gihugu kubera ko bigaruriye ubuzi nka bwose kandi bwategerezwa kuba buriko bukorwa n’imvukira zo muri Kenya. Akamenyesha kandi ko Kenya ifise indege zikwiye zo kuzotwara abo bashinwa iwabo.
«Abashinwa nibagende botse ibigori bongere bacuruze amaterefone ngendanwa… Tuzobirukana bose baje mu gihugu cabo. Ntimuterwe ubwoba n’abo banyamahanga bari mwa burya buzi ,Turafise indege zikwiye zo kubasubiza iwabo. Burya buzi bwose bakora bwari bwagenewe abanyekenya» Niko William Ruto yavuze hari mw’ihuriro ryerekeye ubutunzi ryabaye kuri uyu wa kabiri.
Gushika ubu ubuserukizi bw’ubushinwa muri Kenya ntaco buragira ico buvuze kw’ivyo vyatangajwe na Vise Perezida William Ruto. Umukandida RUTO w’imyaka 55 afatwa n’abanyekenya batari bake ko arwanira abanyagihugu bafise amikoro make babayeho nabi, aguma anegura politike ya Perezida Uhuru Kenyatta mu bijanye n’ubutunzi aho igihugu ubu cinjiye mu madeni menshi kuva agiye kubutegetsi mu mwaka wa 2012. Hamwe yokwizerwa n’abanyekenya bakamutora, Ruto asezerana kandi kuzoca afuta amadeni angana na miriyaridi 7O z’amadorare y’abanyamerika igihugu ca Kenya giheranye.
Tubamenyeshe ko igihugu c’ubushinwa kiza ubwa kabiri inyuma ya Banki y’isi yose mu bihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu Kenya yagiye iraka amadeni kugira ikore ibikorwa vy’iterambere na cane cane mu bijanye no munyubako.





Recent Comments