Umugambwe CNL wagiriza umukuru w’inama nshingamateka Daniel-Gélase Ndabirabe gukumira abashingamateka bakomoka mw’uwo mugambwe kugira ntibazoshirwe mu nama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EALA). Agathon RWASA arongoye CNL abitangaje inyuma yaho we co kimwe n’abandi bashingamateka bakomoka mw’uwo mugambwe bankiwe kuri uyu wa mbere kugira umurwi wabo igihe hariko hatorwa integuro y’ibwirizwa igenga amafaranga Leta igiye gukoresha mw’uy’umwaka.
Agathon RWASA avuga ko bitumvikana ukuntu hemerwa gusa umurwi w’abashingamateka baturuka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD kandi mu nama nshingamateka hari n’abandi batowe bo muyindi migambwe. RWASA avuga kandi ko Gélase Ndabirabe yahonyanze amategeko ari mw’ibwirizwashingiro ry’uburundi. «Mw’ibwirizwashingiro ry’uburundi ingingo y’170 baravuga neza yuko abashingamateka bahuje ivyiyumviro vya politike iyo bashika barenga batanu bakaba bari mu bwoko bwose bashobora kugira umurwi w’abashingamateka» Niko umushingamateka Agathon Rwasa asigura.
Uwo arongoye umugambwe CNL agahamagarira umukuru w’inama nshingamateka kwisubirako maze akubahiriza amategeko hakuyahonyanga imbonankubone.
Recent Comments