Inyuma yaho abaperezida bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko bumvikaniye kuri uyu wa mbere I Nairobi muri Kenya ko hagiye kurungikwa mu ndwi zibiri ziri mbere inteko zo mw’uwo muryango mu guhagarika intambara iriko ibera mu buseruko bwa Congo , Ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Congo vyaraye bitangaje ko vyiteguriye kwakira izo nteko za EAC ariko bikabandanya bimenyesha ko ingabo z’urwanda zitazo zirimwo mw’izo nteko zigiye kuza mw’ico gihugu.
Itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Kenya ntiryavuze ariko nimba abasirikare b’urwanda bazoba bari muri izo nteko z’akarere . Ariko Leta ya Congo yamye ivuga ishimitse ko itazokwemera ko igihugu c’urwanda kibamwo.
Ibiro vya Perezida wa Kenya vyatangaje kandi ko abakuru b’ibihugu bumvikanye ko izo nteko za EAC zibwirizwa kuzokorana n’igisirikare hamwe n’ubutegetsi bwa Congo. Zikazoba zishinzwe kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu.





Recent Comments