Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’uburusiya bwatangaje kuri uyu w’Imana ko bwishe abasirikare ba Ukraine b’ipete rya Jenerali barenga 50 hamwe n’izindi ntwazangabo. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji bwo kwivuna abansi , Igor Konashenkov akamenyesha ko hakoreshejwe igitero ca Missile zo mu bwoko bwa «Kalibr» mu kibanza carimwo abo basirikare bakuru bari mu nama yerekeye itegurwa ry’urugamba n’ ukwo rugiye kubandanya.
Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Konashenkov amenyesha missile zo mu bwoko bwa «Kalibr» zirasa kure cane arizo zakoreshejwe mu kurasa ikibanza c’ingabo za Ukraine gitegurirwamwo ivy’intambara kiri mu karere ka Dnepropetrovsk, ni mugihe hari inama y’abarongoye abajejwe ivy’ubuhinga mu ntambara bo ahitwa Alexandriya. Niko guca hicwa abo bajenerali barenga 50 n’izindi ntwazangabo bafashanya mw’ico gikorwa.
Recent Comments