Umuhari RED-TABARA umenyesha ko uvuga rumwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kubijanye nuko amashirahamwe yo mu karere yotorera umuti wa politike ingorane zo mu Burundi. RED-TABARA ibishikirije inyuma yaho inama nkuru y’umutekano ya ONU isabiye imirwi yose yaba iy’abanyamahanga gushira ibirwanisho hasi ikava ku butaka bwa Congo.
Mw’itangazo wasohoye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 6 Ruheshi 2022, Umuhari RED-TABARA uvuga ko hari ivyashikirijwe n’inama y’umutekano ya ONU kubijanye n’imirwi yitwaje ibirwanisho iri mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bihuye nivyo wamye uvuga. Inama ya ONU ikaba yavuze mw’itangazo ryayo ko mubikenewe kugira umutekano uboneke mu buseruko bwa Congo harimwo ko imirwi irwana ikomoka mu bihugu bibanyi ishira ibirwanisho hasi igasubira iyo yavuye ariko bigakwirikiranwa n’akarere biciye mu nzira za politike hamwe n’izindi nzira atari iza gisirikare.
RED-TABARA ivuga ko yamye itumirira amashirahamwe mpuzamakungu n’akarere uburundi burimwo nka ONU,EAC na CIRGL gushira mungiro ingingo agenderako kugira bafashe mukuronderera umuti ibibazo biri mu Burundi. Â Kubwa RED-TABARA, Ayo mashirahamwe uburundi burimwo ntiyigeze ahanura ubutegetsi bwa CNDD-FDD ngo bufate inzira ya politike idakumira . Uwo muhari mw’itangazo ryawo, ukaba wamenyesheje ko ivyo wamye usaba bizwi kandi binatahuritse. Ivyo navyo ni :Iyubahirizwa ry’amasezerano ya ARUSHA , Ibiganiro bidakumira vyoganisha ku matora atagira utunenge kandi yojamwo na bose.
Mw’iryo tangazo, Umuhari RED-TABARA umenyesha ko utangazwa n’ukuntu amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU, Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko vyahagarariye ishirwa mu ngiro ry’amasezerano ya ARUSHA , bidashobora kuyahagararira kandi ayo mashirahamwe yari yaravyiyemeje.





Recent Comments