UBM News ads

Ukraine itangaza ko uburere bwose bwegereye Kiev bwasubiye mu minwe y-igisikare cayo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ku musi ugira 38 w-ibitero vy-ingabo z-uburusiya muri Ukraine, Abategetsi ba Ukraine batangaje kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2022 ko ibisagara vyose vyegereye umurwa mukuru wa Kiev vyasubiye mu minwe y-igisirikare c-ingabo za Ukraine. Ivyo bisagara bikaba vyari bimazeĀ  imisi biri mu minwe y-ingabo z-uburusiya.Ukrainian servicemen ride on tanks towards the frontline in the Lugansk region of Ukraine on 25 February.

Abicishije ku rubuga rwa Facebook,Icegera c-umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Ukraine , Ganna Maliar yatangaje kuri uyu wa gatandatu ati :Ā«Irpin,Boutcha, Gostomel hamwe n–uburere bwose bwegereye kiev bwarambuwe bukurwa mu minwe y–umwansiĀ»

Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatandatu, umuhanuzi mu biro vy-umukuru w-igihugu wa Ukraine yerekanye ko ingabo z-uburusiya zakuyeyo vyihuta mu burere bwa Kiev no mu micungararo yaho Ā hamwe no mu bumanuko bwa Tcherniguiv, zifise intumbero yo kuja kwipanga ku bwinshi mu buserukoĀ  no mu bumanuko bwa Ukraine mu ntumbero yo kugumya uburere bumaze igihe bwarafashwe n-izo ngabo z-uburusiya.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments