Amafaranga y-uburundi agiye kuzobandanya ata agaciro ku rugero rwa 9.2% mw-uyu mwaka turimwo wa 2022 biturutse kw-iduzwa ry-ibiciro vy-ivyo amahinguriro akoresha biva mu butaka nk-igitoro kubera ingaruka mbi z-ingwano iriko ibera mu gihugu ca Ukraine. Vyatangajwe kuri uyu wa 17 Ntwarante 2022 n-umurwi w-ikigega mpuzamakungu FMI, inyuma y-amatohoza yakozwe ku burundi.
Nkuko vyanditswe muri iryo tangazo, Inyuma y-amatohoza yakozwe ku bijanye n-ubutunzi mu Burundi n-umurwi w-ikigo FMI. Kuva kuwa 24 Ruhuhuma gushika kuwa 16 Ntwarante 2022, Umupfasoni Astou Diouf arongoye uwo murwi mu Burundi yamenyesheje ko amafaranga y-uburundi yataye agaciro ku rugero rungana 8.3% mu mwaka wa 2021, aho mu mwaka wa 2020 ayo mafaranga y-uburundi yari yataye agaciro ku rugero rungana na 7.5%. Ivyo bikaba vyavuye ahanini kw-iduzwa rinini ry-ibiciro ry-ibiribwa. Amafaranga y-uburundi rero akazobandanya atakaza agaciro ku rugero rungana 9.2% uyu mwaka turimwo wa 2022 biturutse kw-iduzwa ry-ibiciro vy-ivyo amahinguriro akoresha biva ku butaka nk-igitoro bitewe n-ingaruka z-ingwano ziriko zibera muri Ukraine.
Uwo arongoye umurwi wakwirikiranye uburundi kubw-ikigo FMI, arongera akamenyesha ko igihengeri kijanye n-amafaranga yiteguwe gukoreshwa mu mwaka wa 2021 ushira uwa 2022 gishobora gushika ku rugero rungana na 4.6% bagereranije no mu kiringo c-umwaka wa 2020 ushira uwa 2021, aho ico gihengeri cangana n-ibice 7.9% , ivyagabanutse bitumwe nuko hari amafaranga yinjiye mu kigega c-igihugu avuye mu matagisi n-amakori hamwe n-imfashanyo y-uburyo ziyongereye na cane cane ingabiro z-incanco z-ikiza ca Covid-19 zatanzwe mu gihugu.
Umupfasoni Diouf amenyesha kandi ko igihengeri c-amafaranga yinjira mu gihugu bivuye mu guhanahana ibidandazwa n-ibindi bihugu ciyongereye mu mwaka wa 2021 biturutse ko ubwa mbere ko uburundi bwagabanije gushora ibidandazwa mu bindi bihugu nk-ikawa, hamwe n-amabuye y-agaciro. Ubwa kabiri ko ibidandazwa biza bivuye hanze y-uburundi vyabaye vyinshi kuruta. Naho hari iyongerekana ry-igurishwa ry-inzahabu hanze y-igihugu, Ico gihengeri kizokwiyongera cane muri uyu mwaka wa 2022 biturutse kw-iduzwa ry-ibiciro vy-ibikoreshwa vyankenerwa nk-igitoro .
Mu gusozera iryo tangazo, Umurwi w-ikigo FMI mu Burundi umenyesha ko mu kiringo kitari gito igihugu c-uburundi kizobandanya gihangana n-ingorane zijanye n-ukuzamura ubutunzi n-iterambere hamwe no kurwanya ikiza ca Covid-19.





Recent Comments