UBM News ads

Perezida Ndayishimiye avuga ko kuburanya Leta ari ukwihenda kuko ubucamanza bwegukira iyo Leta nyene.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu kiganiro yagiranye n-abarundi baba mu gihugu c-ububirigi no mu micungararo yaho kuwa 19 Ruhuhuma 2022, Umukuru w-igihugu c-uburundi , Varisito Ndayishimiye yavuze ko kuburanya Leta ari ukwihenda  cane kuko ubutungane bwegukira iyo Leta nyene. Bamwe n-abandi bati babona ko iyo mvugo ya Perezida Varisito Ndayishimiye idahumuriza  mu gihe ubutungane aribwo bwari ubuhungiro  ku barundi bose  bafise ico bagiriza Leta iba yabakoreye.Prezida Evariste Ndayishimiye

Mw-ico kiganiro Perezida Ndayishimiye yagiranye i Bruxelles mu bubirigi  n-abarundi bahatuye , Yagize ati :«Harya ugiye kuburanya Leta  uba wihenze  nuko gusa nabo bacamanza batari babizi . Mpora ndabibabwira bagatwenga bakuma.None wewe Leta yoba ikuriye ugaca uja kwitwara muri Leta nyene? Erega ubucamanza ni ubwa Leta nyene. C’est une institution de l’Etat. Kera bari bazi yuko Leta ari urya murwi w-abashikiranganji , mwaca muja kuburana n-irya sosiyete mais Leta nticumura»

Naho Perezida Ndayishimiye avuga ukwo, biraboneka afise imvugo zibiri z-ibihushane  ku bijanye n-igisata c-ubutungane. Hamwe avuga ko abacamanza aribo ntandaro y-amabi yose ariko ashikira igihugu c-uburundi , ahandi akabwira abantu ko ata muntu aburanya Leta kuko aba yihenze cane kandi bisanzwe bizwi ko ibwirizwa shingiro ry-uburundi ritegekanya ubwigenge bw-ico gisata nkuko tubisanga mu ngingo yaryo ya 210 agace kayo ka 1 , ivuga riti :« Mu gihugu cose , sentare nizo zica imanza kw-izina ry-abarundi bose ».

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments