Abasirikare barenga 7000 b’uburusiya harimwo n-abasirikare bo hejuru b’ipete rya «général» nibo bamaze gupfira mu ntambara zimaze indwi zitatu ziriko zihuza uburusiya na Ukraine. Hama abasirikare bari hagati ya 14000 na 21000 bakaba aribo boba barahakomerekeye .Ivyo biharuro bifatwa nk-ivyimfata kibanza kuko bishobora kuba birenga, vyatangajwe n-iperereza rya Leta Zunze ubumwe za Amerika.
Nkuko tubisoma mu kinyamakuru New york Times, ivyo biharuro bishirwa ku murwi w-uruhombo rw-uburusiya bishobora gutuma abasirikare b-ico gihugu bari kurwanira mu Ukraine bacika intege maze bikababuza kubandanya neza urugamba bariko. Abakwirikiranira hagufi ivy-iyo ntambara ya Ukraine, babona ko hamwe ivyo biharuro vyatanzwe n-igendereza rya Amerika, bizoba bisumba cane abasirikare Leta Zunze ubumwe za Amerika yaburiye mu ntambara yakoreye mu bihugu vya Irak na Afghanistan.
Tubamenyeshe ko igihugu c-uburusiya camenyesheje kuwa 2 Ntwarante 2022 ko abasirikare 498 aribo kimaze kubura, hamwe n-abarenga 1500 bakomeretse. Ukraine nayo ikaba yatangaje kuri uyu wa gatandatu ko abasirikare 1300 aribo imaze kubura ,ko ku ruhande rw-umwansi , hamenyekanye abasirikare barenga 11000 bapfuye ibikoresho vyabo vya gisirikare birasamburwa ibindi biraturwa.





Recent Comments