Abunguruza abantu ku makinga, amapikipiki hamwe na Bajaj baheruka kubuzwa gushika no gukorera hagati mu gisagara ca Bujumbura basabwa na bamwe mu bategetsi ko bohindura umwuga bakaja gukorera mu bindi.
Igihe yariko abonana kuri uyu wa gatatu kuri Lycée Scheppers mu Nyakabiga n-abunguruza abantu bakoresheje izo ngendeshwa, Rénovat Sindayihebura, musitanteri wa komine Mukaza yababwiye uku :«Ni mwabona iyo ngingo yafashwe n-ubushikiranganji bw-umutekano itabashimishije, murahindura umwuga mukore ibindi»
Uwurongoye igipolisi kijejwe kugenzura uruja n-uruza mu mabarabara , OPC1 Eugène Bizindavyi igihe yariko yishura ibibazo vy-abanyonga amapikipiki n-ama Bajaj, yahanuye abanyonga amakinga ko bohindura akazi kuko ngo inyungu atari ikirenga. Bizindavyi ati :« muharure amasaha umu Taxi-Vélo avyukira, inguvu akoresha , amasaha atahira , muce murwiza n-ukwezi n-ukwezi canke umwaka , muzosanga ata myaka myishi azobikora . Niyo yahindura azobona ko yarahomvye»
Bamwe mu bunguruza abantu bakoresheje amakinga, ipikipiki na Bajaj babona ko ayo majambo yashikirijwe n-abo bategetsi ari ayo ukubakora mu nkovu hamwe no kubakindaga. Ahubwo bakabona ko hoba hari izindi mvo zihishije inyuma y-iyo ngingo gusa umwanya n-umwanya zishobora kuja ahabona. «Turiko twumva aha na hariya ko hari imiduga yo kwunguruza abantu yatumweko hanze y-igihugu na bamwe mu bategetsi bo hejuru igiye kuzanwa aha mu gisagara ca Bujumbura kugira abahora bagendera ku ngendeshwa zacu bategekwe kuza barafata izo bus nshasha , ariko ivyo tubona bizobagora» Niko umwe mubanyonga ipikipiki atashimye ko tumuvuga izina yatubwiye.





Recent Comments