Umwungere mukuru wa Ekleziya katorika kw-isi azongendera igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo muri Mukakaro uy-umwaka turimwo. Papa Francis akaba azogendera ibisigara vya Kinshasa na Goma ku magenekerezo ya 2 na 5 Mukakaro 2022. 
Urwo rugendo rukaba ruzoba rubaye urwa gatatu umwungere mukuru wa Ekleziya Katorika agendeye ico gihugu, inyuma yaho Papa Jean Paul ll yahaje incuro zibiri hari mu myaka ya 1980 na 1985 , ku ntwaro ya Perezida Mobuto. Urugendo rwa papa Francis ukaba twarumenyeshejwe n-inama nkuru y-abepiskopi katorika ya Congo.





Recent Comments