Igihugu c-uburundi cokimwe n-ibindi bihugu 34 vyo kw-isi vyagaragaje ko ataho bihagaze ku ntambara zimaze indwi ziriko zihuza igihugu c-uburusiya na Ukraine. Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Ntwarante 2022 igihe ibihugu 181 bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyari vyahamagariwe kugira vyerekane aho bihagaze ku rwandiko rutera ivyatsi ico bise «agasomborotso ku burusiya kuri Ukraine».
Ukwo ayo matora yagenze ni uku :Ibihugu 141 harimwo ibihugu vyo mu karere nk-urwanda, kenya na Congo vyateye ivyatsi iyo ntambara uburusiya bwatanguje muri Ukraine. Ibihugu 35 harimwo n-uburundi bikaba ataco vyashimye kugira ico buvuze kw-iyo ntambara, hamwe rero ibihugu 5 harimwo igihugu ca Eritreya co ku mugabane wa Afrika vyashimye kudatera ivyatsi urwo rwandiko.





Recent Comments