Ubuserukizi bw-uburundi mu gihugu c-uburusiya bumenyesha ko gushika ubu bumaze kumenya abarundi batatu baba muri Ukraine aribo vyakundiye ko bahunga ibitero biriko bikorwa n-uburusiya mw-ico gihugu. Abicishije mw-itangazo yasohoye kuri uyu wa mbere, Edouard Bizimana aserukira uburundi i Moscou amenyesha ko mw-abo barundi batatu bashoboye guhunga ivyo bitero vy-uburusiya, Babiri bahungiye mu gihugu ca Pologne hamwe n-uyundi umwe yahungiye mu gihugu ca Slovaquie.
Ubwo buserukizi bukaba busaba abarundi baba muri Ukraine batariyandikisha kuri ubwo buserukizi kunyaruka bakabikora kugira bworoherwe bufadikanije na Leta y-uburundi hamwe n-uburusiya kubafasha ingene bova mw-ico gihugu ca Ukraine hamwe bobikenera.





Recent Comments