Inyuma yaho umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu afatiye ingingo yuko kuva kuwa 11 Ntwarante ata kinga, ipikipiki canke Bajaj (Tuk-Tuk)vyemerewe kwinjira canke gukorera hagati mu gisagara ca Bujumbura , Abatari bake bakoresha izo ngendeshwa mw-ako gace baraye babujijwemwo kuzosubira gukoreramwo basa nabahaye bata ivyizigiro vy-ukuntu bagiye kubandanya barwana n-ubuzima mu gihe ibintu vyose vya nkenerwa vyaduze ku rugero ruteye ubwoba mu Burundi. Bakibaza nyimba arirwo rukundo Leta Mvyeyi iberetse mu kubicisha ikigoyi mu kuba yafashe ingingo ivuna nkiyo.
Umwe mu banyongesha ingendeshwa y-amaguru atatu yitwa Tuk-Tuk asanzwe akorera muri Zone ya Bwiza n-agashavu kenshi yatwiganiye ukwo yakiriye ingingo yo kubabuza gusubira kwinjira no gukorera muri komine Mukaza: «jewe nkicumva iyo nkuru kuri Radiyo Isanganiro nabanje guta ubwenge , mvuga nti ndiko ndarotaa canke ? Niho munyuma naza numva no kw-iradiyo y-igihugu babivuze, nti ntakundi hasigaye ah-Imana ! Ico mpaye niyumvira gushika iyi saha si mbona ukuntu ngiye kubandanya nigisha abana banje babiri kw-ishure ry-abigenga riri muri Rohero ryitwa Le Berceau de la sagesse, eka ndetse no gutunga umuryango wanje muri Rusangi bigiye kunanira»
Abandanya yongerako ati :« sinarinziko arirwo rukundo Leta Mvyeyi yotweretse mu kutwicisha ikigoyi nkuku!»
Abatari bake mu banyagisagara ca Bujumbura ndetse n-abarundi muri rusangi babonako iyo ngingo ije guhuhura ivyahuhutse mu gisata c-ubutunzi kubera ko ako kazi ko kwunguruza abantu hakoreshejwe izo ngendeshwa kari gatunze cane abantu benshi ndetse n-ubuyobozi bw-igisagara ca Bujumbura bwahinjiriza amahera menshi. «Reka tubihe imisi, naho bitashimwa kushirwa ahabona, biraboneka ko hoba hari ikindi cinyegeje inyuma y-iyo ngingo tureke irya mvo yatanzwe n-umushikiranganji ko ari kubera gukinga amasanganya yo mw-ibarabara» Niko umwe mu banyagisagara ca Bujumbura atashimye ko tumuvuga izina avuga.





Recent Comments