UBM News ads

Pierre-Claver MBONIMPA asaba RTNB kwumvisha abanyagihugu ikiganiro c-abarundi bagiranye na Perezida Ndayishimiye mu bubirigi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w-ishirahamwe APRODH ,riharanira agateka ka zina muntu hamwe n-akabanyororo asaba iradiyo na Televiziyo vy-igihugu (RTNB) kwumvisha abarundi mu buryo buramvuye ikiganiro c-abarundi baba mu bubirigi no mu micungararo yaho bagiranye n-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye i Bruvelles  kuri uyu wa gatandatu.  Kubwa Pierre-Claver MBONIMPA arongoye APRODH ngo ntibitahuritse na gato kubona RTNB itashoboye gutangaza ku buryo bw-ibiriraho ico kiganiro cariko kiraba kuko  iyo samirizi niyo yonyene yari yemerewe gukwirikirirana ivyariko bivugirwa mw-ico kibanza. Agasaba ko nyimba ata gishaka kunyegezwa,  ico kiganiro cotangazwa ku barundi maze bakamenya ivyahavugiye vyose naho harimwo ibitaryoheye ubutegetsi buhari ubu.Pierre Claver Mbonimpa

Kuri mikoro ya Radiyo INZAMBA (isamirana ku buhinga ngurukana bumenyi), Umutama MBONIMPA ati :« Nasaba radiyo na televiziyo vy-igihugu kuko niyo yari hari honyene , bari batwatse amaterefone , nta numwe yarafise amaterefone  yuko ivyavugiwe harya kugira igihugu c-abarundi aha nini biza vyubaka yuko bobicishako abanyagihugu bakavyumva , aho tuzoca twumva yuko ata kintu bariko barahisha kuko uhishije  ijambo ryabiwe umukuru w-igihugu  uba uriko wica igihugu»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments