Umukuru w-igihugu c-uburundi amenyesha ko yaneguye cane inyifato y-abanyepolitike bamwe bamwe bateguye kuri uyu wa gatandatu mu gihugu c-ububirigi mu ntumbero avuga ko yari iyo kwiyamiriza ikurwa ry-ibihano vy-ubutunzi ku gihugu c-uburundi. Perezida Ndayishimiye avuga ko yaraye abonye ko umugambwe CNL ubicishije ku muvugizi wawo, werekanye ko uri ku ruhande rw-abo yise «abansi b-uburundi n-abarundi». Umukuru w-igihugu c-uburundi yabishikirije kuri uyu w-Imana igihe yaraganutse avuye mu gihugu c-ububirigi mu nama igira gatandatu yahuje ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika hamwe n-umuryango w-ubumwe bwa buraya.
Mu kiganiro yariko aha abanditsi n-abamenyeshamakuru igihe yaratahutse kuri uyu w-Imana avuye mu bubirigi mu nama yahuje abakuru b-ibihugu vya Afrika n-umuryango w-ubumwe bwa buraya, Umukuru w-igihugu c-uburundi yamenyesheje ko akirindiye ico umugambwe CNL wisigura kw-ivyo vyagirizi. Ata vyemezo atanze, Perezida Ndayishimiye ntiyariye umunwa mu kwagiriza uwo mugambwe urongowe n-umushingamateka Agathon Rwasa ko vyigaragaza ko ushigikiye imihari yise y’« iterabwoba » iriko irwanira mu gihugu kibanyi ca Congo.
Tubamenyeshe ko Abarundi batuye mu gihugu c-ububirigi no mu micangararo yaho bagizwe n-abanyepolitike nka Aimé Magera aserukira umugambwe CNL ku mugabane wa buraya hamwe n-abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ari mu buhungiro bateguye imyiyerekano kuri uyu wa gatandatu ku cicaro gikuru c-ubumwe bwa buraya yo kwiyamiriza amabi atandukanye ariko abandanya akorerwa abarundi no ku ntwaro ya Perezida Varisito Ndayishimiye.





Recent Comments