Umugambwe CNL uragiriza inzego z-igihugu cane cane urwego rw-iperereza ko ruhohotera abanywanyi b-uwo mugambwe. Mw-ijambo ryashikirijwe kuri uyu w-Imana na Simon Bizimungu, umunyamabanga mukuru wa CNL mu gihe uyo mugambwe waruramutse wibuka imyaka itatu wemerewe gukora ku mugaragaro.
Uwo munyamabanga mukuru wa CNL yatanze amazina atatu y-indongozi z-umugambwe zishwe n-igipolisi c-iperereza yongera agaruka ku kibazo kijanye n-iburabuzwa ry-umugambwe CNL aho wama wabujijwe kuremesha amanama ufitiye uburenganzira.
Simon Bizimungu ati :«Twarabuze bamwe mu ndongozi zacu twakunda kandi zari kirumara mu kuremesha inyankamugayo . Aha twovuga indongozi Indongozi Ngomirakiza Elie yatwawe tukamubura irengeron-uw-umusi tukaba tukibaza iyo yagiye n-abamujanye. Ntitwokwibagira kandi indongozi Matata Augustin nawe yafashwe n-inzego z-igihugu akajanwa gufungwa inyuma yaho akaborezwa igufa bihava bituma asiga ubuzima igihe ciwe kitari bwagere. Twovuga kandi naBarutwanayo Innocent nawe nyene yafashwe nawene mu bwo buryo , atwarwa mu biro vy-igendereza mu nyuma umuryango wiwe wahawe raporo ko ikiziga ciwe kiri muri morgue. (…) umuryango wagiye uraburagizwa hamwe hamwe ukabuzwa amanama haba mu ma permanances ariko ivyo vyose bigakorwa na bamwe mu ndongozi zo hasi »
Agathon RWASA arongoye CNL ku rwego rw-igihugu nawe asaba ko inzego z-igihugu gutunganiriza abarundi bose ata nkunzi , haba mu vy-intwaro , mu vy-ubutungane canke muvy-akazi . Ikindi iyo ndongozi isaba nuko abanywanyi b-imigambwe badakwiye kwivanga mu bikorwa vy-inzego z-igihugu nk-igipolisi hamwe no mu butungane.





Recent Comments