Uwahoze ari mu nararibonye z-umugambwe CNDD-FDD, Manassé Nzobonimpa yaratahutse mu gihugu c-uburundi kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2022 inyuma y-imyaka irenga cumi ari mu buhungiro.
Nzobonimpa yari yahunze igihugu c-uburundi mu mwaka w-2011 inyuma yo kudomako urutoke amabi atandukanye yariko akorwa mu gihugu ico gihe, aha umuntu yovuga nk-ubwicanyi, ukunyuruzwa vyariko bikorerwa abanywanyi b-imigambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD,igiturire hamwe no kunyuruza amatungo ya Leta .
Uwo afatwa nk-umuntu yarakomeye muri kahise mu muhari CNDD-FDD ukiri ku rugamba ndetse n-inyuma yuko uwo muhari witiriwe umugambwe, yagiye azezwa amabanga menshi atandukanye mu gihugu co kimwe mu mugambwe: yarabaye buramatari w-intara ya Bubanza asanzwe avukamwo, yarabaye mu rwego rw-imboneza z-umugambwe CNDD-FDD hamwe rero no kuba umushingamateka.





Recent Comments