UBM News ads

Daniel-Gélase Ndabirabe ntiyumva kumwe na CNIDH kucegeranyo iherutse gusohora.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w-inama nshingamateka  avuga ko icegeranyo gitangwa n-umurwi w-igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi gihengamye , kuko havurwamwo Leta gusa. Daniel –Gélase Ndabirabe yabishikirije kuri uyu wa kane  igihe CNIDH yariko ishikiriza  ivyo yaranguye mu mwaka.Image

Ku rundi ruhande, uwurongoye umurwi CNIDH , Dr Sixte-Vigny Nimuraba asigura nyabuna ko agateka ka zina muntu  gahungabana igihe haba harimwo uruhara rw-umuntu aserukira Leta mu nzego izo ari zo zose , aba yakoze icaha.

Uwo arongoye inama nshingamateka yarameze nkuwukarira Vigny Nimuraba kubera ko umurwi arongoye utigeze werekana mw-ico cegeranyo abantu bagize uruhara rw-abasinzikaza agateka ka zina muntu mu Burundi. Ndabirabe yabivuze uku :«iyo mutubwira muti mu bijanye n-agateka ka zina muntu , aba ni abasinzikaza agateka ka zina muntu, none nta kintu na kimwe kirimwo? Kandi mutuzaniye icegeranyo c-umwaka.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments