UBM News ads

Abasirikare b’abarundi bari muri AMISOM basabwa gushira imbere inyungu z-igihugu cabo mu kwemera kwicandagisha Covid-19.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abasirikare b-uburundi bari mu gihugu ca Somaliya mu rwego rwa AMISOM basabwe n-abaserukira ubumwe bwa Afrika ko boronswa bose urucanco rwa Covid-19 . Bamwe mu basirikare bikaba bihaye biboneka ko badashaka guhabwa urwo rucanco . Nyabuna bagasabwa kujijuka bagafata urwo rucanco canke ngo bahagarike akazi bajemwo haze abandi bemera kuronswa urwo rucanco.AMISOM-Somalia: 6 Burundian soldiers killed in attack. - RegionWeek

Amakuru dukesha iradiyo INZAMBA Agateka Kawe ikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, amenyesha ko abasirikare b-uburundi bari muri Somaliya mu butumwa bwa AMISOM basabwe bose kwiteza urucanco rwa Covid-19 ku neza y-igihugu kuko ngo bitabaye uko igihugu c-uburundi kizoca gikurwa ku rutonde rw-ibihugu bisanzwe bitanga inteko zija kugarukana amahoro muri Somaliya . Ayo makuru nyene abandanya avuga ko muri kino gihe bariko bandika abasirikare bemeye kwiteza urwo rucanco . Mu ma batayo amwamwe , bamwe mu barongoye abandi bakaba aribo bari bafashe iyambere mu kugomba kwanka kwiteza urwo rucanco .

Kuva mu ntango z-iy-indwi turimwo , Abo basirikare baronse ubutumwa bubabwira ko boshira imbere inyungu z-igihugu cabatumye mu kwemera kuja ku rutonde rw-abemeye kwicandagisha  Covid-19. Amakuru ava mu gihugu ca Somaliya avuga ko ubwo butumwa bwatanzwe na Gen.de Brigade Elie Ndayizigiye batazira «Muzinga» arongoye inteko z-abarundi bari muri Somaliya.

Ayo makuru nyene atumenyesha ko Uwurongoye batayo ya 60, Lt. Colonel Zenobé Niyonzima yatumye abasirikare arongoye ababwira ko boshira imbere inyungu z-igihugu cabarungitse muri somaliya kandi bakemera kwicandagisha . Yaciye  abaha ubutumwa bwa «Commandant contingent» hamwe n-ubw-uwurongoye ibiro bikuru vya gisirikare Lt.Gen. Prime Niyongabo ko mu gihe bo kwanka kwicandagisha maze igihugu c-uburundi kigakurwa ku rutonde rw-ibihugu bitanga abasirikare muri somaliya ,boheza akaba aribo bizobazwa.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments