Mw-ikete abaserukira abandi mu banyeshure ba Kaminuza y-uburundi bandikiye umuyobozi w-iyo kaminuza, bamenyesha ko hibonekeza umutekano muke utewe n-umwijima hamwe n-isuku rike. Ngo hari uburaro bumwe bumwe butagira amatara hamwe n-ubwiherero bwugawe kubera butagira ibikoresho.Ikindi, abo baserukira bandi mu banyeshure ba kaminuza y-uburundi bavuga, ngo ibirasi bimwe bimwe ntibigira amatara, ibica bituma ngo n-umwimbu uba muke cane.
Iryo bura ry-amatara muri kaminuza y-uburundi ngo ririko rituma haba ubusuma bw-ibikoresho vy-abanyeshure aho ndetse buguma bwiyongera. Ivyo bibazo bikaba bimaze imisi vyibonekeza mu bigo bitandukanye vy-iyo kaminuza.
Abo baserukira abandi mu banyeshure b-iyo kaminuza bagasaba umuyobozi wa kaminuza y-uburundi gutorera umuti w-ivyo bibazo mu maguru masha.





Recent Comments