UBM News ads

OLUCOME ivuga iki ku biciro vy-ibitoro biheruka kuduzwa?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe ryishinzwe kurwanya ibiturire hamwe n-isesagurwa ry-ubutunzi bwa Leta, OLUCOME rivuga ko ingingo ya Leta  yo kuduza ibiciro vy-ibitoro mu gihugu c-uburundi igiye gusongera isibe ubukene butagira izina busanzwe iki gihe  bwugarije abarundi isinzi. Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME akamenyesha ko Leta itegerezwa gukingira umunyagihugu , itabikoze naho ngo abanyagihugu si ibijuju bazogera igihe babone yuko uko Leta yarijejwe kubafasha , no kubakingira ariyo iriko irabohohotera.IWACU English News | The voices of Burundi – OLUCOME chairman withdraws  from “Forum Citoyen” aiming at opposing change of Constitution

«Muri OLUCOME twaratangaye cane tubonye ukungene ibitoro vyaduze , bikaduga ku rugero bitari bwigere bidugako kuko bahora baduza hagati y-amahera 50 n-ijana  mugabo ubu badugije amajana atatu kw-iritiro ry-igitoro ca Essence, ca Mazout n-igitoro ca Petrole. Ibi rero nkuko mu bizi, haduze amahera agera ku bice 12% mu gihe abarundi bakenye cane , ivyo rero bikaba ari ibintu ata muntu numwe yosabirako kuko imiriyoni n-imiriyoni z-abarundi bari mu bukene butagira izina»  Niko RUFYIRI avuga, hari kuri Radiyo Peace FM ijwi ry-urwaruka.

Gabriel RUFYIRI akamenyesha iryo duzwa ry-ibiciro vy-ibitoro rigiye kugira  ingaruka mbi ku munyagihugu muto. Uwo arongoye OLUCOME abisigura uku :« umunyagihugu nya rucari niwe agomba na ntaryo kuguma anunuzwa n-inzego z-igihugu kandi arizo zategerezwa kumuzigama no ku mukingira. Murabizi neza amabarabara yo muri iki gihugu cacu ameze nabi, amashure murabizi ingene bimeze abana ntibagira aho bicara , ibijanye n-amavuriro ntawo bivuga, imiti ntawoyivuga, n-ibindi n-ibindi,…  mugabo wagenda kuraba ku rundi ruhande ni akarwi k-abantu begereye ubutegetsi n-abakorana nabwo baratunze gusumvya Leta»

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments