Tatien SIBOMANA avuga ko abafise amabanga mu gihugu nka bose ni abo mu bwoko bumwe kandi baturuka muri CNDD-FDD.

Umunyapolitike Tatien SIBOMANA avuga indongozi zifise amabanga mu gihugu ubu nka zose zituruka mu bwoko bumwe kandi mu mugambwe umwe ariwo CNDD-FDD. SIBOMANA yabivugiye kw-iradiyo n-imboneshakure RENAISSANCE igihe yariko ashikiriza ku bijanye na rusansuma y-ubwoko iriko ikorwa n-ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu mu buzi bwa Leta, mu bigenga hamwe no mu mashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi.
« iyaba babigira bagaca bahinyanyura ahari ubwo busumbasumbane ni bazako haba hari ibiba bimaze guhinduka kuko umuntu aravye abagenwa mu mabanga ubu nibazako atari aba gouverneurs babagena canke abatwara ubuzi ubu na buriya, nibaza ko ababagena baba bazi ubwoko bavamwo imigambwehamwe n-intara. Abarundi barumva kandi  barabona, turazi abafise amabanga abaribo , ni ubwoko bumwe kandi buri mu mugambwe umwe, aha si ikinyegezwa» Niko SIBOMANA avuga.
Ikindi uwo munyepolitike avuga, ngo ntivyumvikana ukuntu ikibazo c-amoko cozanwa mu bibanza vy-ubuhinga (postes techniques) kandi amasezerano ya Arusha yaratomora neza ko ari ibibanza vya politike bizorabwa kw-ico c-amoko. « Hariho itegeko rihambaye mbere no mw-ibwirizwashingiro bagarukako mu ngingo yaryo y-149 , n-abari basinye amasezerano ya Arusha bari bumvikanyeko itegeko rizokwerekana neza ibibanza vya vy-ubumenyi hamwe n-ibibanza vya politike»  Niko  uwomunyepolitike abandanya asigura.





Recent Comments