Ishirahamwe ry-abanyamwema mu Burundi batagira imbibe « Albinos Sans frontières» ritera akamo Leta y-uburundi gukingira ba nyamwema bo mu Burundi kuruta no kuvavanura no kudahana ubwicanyi bagirirwa . Ako kamo iryo shirahamwe rigateye inyuma y-inyuruzwa n-iy-icwa ry-abanyamwema babiri kuri uyu w-Imana w-indwi iheze muri komine Kigamba, mu ntara ya Cankuzo.
Anicet Bangirinama aserukira Albinos sans frontières abonako hamwe abanyamwema boserukirwa mu nzego zifata ingingo , vyotuma abagira ubwo bwicanyi n-ayandi mabi, baca bateshwa bagata. Bangirinama avuga kandi ko abagabo babiri bafashwe kuri uyu w-Imana muri komine Kigamba, intara ya Cankuzo bariko baragabura ibihimba bigize umwana w-umunyamwema yaburiwe irengero muri zone Kinama, bohanwa bimwe bikomeye kubera ko bakoze icaha co kwica umuntu.
« Abafashwe mw-ako kabi kabishe , bishobotse ndibaza ibihano vyoba ari ibihari bakavyongereza kugira ibi bintu vyo kudahana bihagarare. Dusaba kandi ko tuja mu nzego z-abafata ingingo na cane cane mu butungane kuri abo bantu baba bakoze ibintu nkivyo» Niko Anicet Bangirinama avuga, hari mu makuru dukesha iradiyo INZAMBA.





Recent Comments