Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yagiriza abakuru b-amasendika y-abigisha guterera ibikorwa vy-iterabwoba n-ubwicanyi mu mafaranga batoza buri kwezi akatwa mu mishahara y-abigisha. Perezida Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatandatu w-indwi yarangiye mu nyigisho zabereye mu kigo c-urwaruka kiri mu Kamenge (centre jeune Kamenge).
N-agashavu kenshi, ku kibazo kijanye n-abigisha baheruka gutangaza ko bagiye guhagarika imirimo mu gihe ikibazo co kubasuzuma ubumenyi bafise kitohagarikwa, Perezida Ndayishimiye yavuze uku : « Ngiye kurondera n-ikigira cumi abigisha batanze. Amahera y-abigisha yegeranywa niyo atuma abarongoye amasendika bagira ubwibone. Bahimvye rero, bagaca bahamagarira abigisha kugumuka. Tugire ibiharuro bitoya, Si musi y-imiriyoni amajana atanu begeranya buri kwezi»
Umukuru w-igihugu c-uburundi yaremeje kandi ko intererano z-abigisha batanga mu masendika zifasha mu guha uburyo imirwi y-iterabwoba. « Dufate akarorero, mu myaka cumi iheze botwereka ico izo ntererano zakoze? Barivye abigisha none ubu naho bagomba gusahura igihugu. Ngiye ku bikurikirana . Nibagarukane ayo mahera kugira ngo akoreshwe mw-ukubaka igihugu. Ayo mahera adakurikiranwa neza niyo afasha ibikorwa vy-iterabwoba . Ayo mahera atazwi niyo aja kandi hateye amakenga niyo afasha abasasika inganda» Niko yavuganye agashavu.
Perezida Ndayishimiye yagiriyeko yemeye ko agiye gushiraho umurwi uzoba ujejwe gucukura ku bubiko bw-amasendika , yarongeye ayagiriza ayo masendika y-abarimu kugira amafaranga y-umurengera aryamye mu ma banki aho gushiraho banki yabo yoba ubuzima bwiza mu bijanye nuko igihugu kibayeho.
Tubamenyeshe ko ivyo vyaraye bitangajwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi bishitse inyuma y-imisi ibiri atangaje ko hamwe abarimu bogira yegeregere bagahagarika akazi bazoca bafutwa basubirizwe mu kazi n-urwaruka rushomereye muhira bongere barwanirizwe hamwe n-imiriyoni cumi na zibiri z-abarundi. Yabitangarije kuri uyu wa kane w-indwi yarangiye igihe hari amasengesho yatunganijwe n-umugambwe CNDD-FDD nkuko wama wabigize buri wa kane urangiza ukwezi.





Recent Comments