UBM News ads

Kenya: Bimwe mu bihugu rutura kw-isi bigabisha igihugu ca Kenya ko gishobora kugabwamwo ibitero vy-abihevyi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kenya: Bimwe mu bihugu rutura kw-isi bigabisha Kenya ko ishobora kugabwamwo ibitero vy-abihevyi

The great Nairobi City - Picture of Nairobi, Kenya - Tripadvisor

Ibihugu vy-ubufaransa, Leta Zunze ubumwe za Amerika, ubwongereza hamwe n-ubudagi bigabisha igihugu ca Kenya ko umwanya n-umwanya gishobora kugabwamwo ibitero vy-iterabwoba. Ivyo bihugu bigasaba abanyagihugu bavyo kuba maso mu kwiyubara kugendera muri bimwe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru NTV KENYA co muri Kenya, Leta Zunze ubumwe za Amerika ibicishije ku buserukizi bw-ico gihugu muri Kenya ihanura abanyagihugu bayo kureka kuja mu bibanza bihuriramwo abantu benshi : Amazu y-uburiro, ibibanza vyo kwinonoremwo imitsi, amazu y-ubusumiro,…

Itangazo ry-igihugu c-ubufaransa ryasohowe kuri uyu wa 27 Nzero 2022, rivuga ko abanyamahanga baturuka mu burengero bw-isi ( occident) aribo bakunze gutomberezwako ivyo bitero igihe baba bari mu bibanza vy-uburiro ( restaurant), amazu y-ingenzi (hôtel), no mu mazu manini yo kuguriramwo ivyankenerwa (Mall). Ubwo buserukizi bukaba bwaciye busaba abanyagihugu bose ba kenya harimwo n-abo baturuka mw-ico gice c-uburengero bw-isi kwiyubra kuja ahantu hahurira abantu benshi mu mpera z-iy-indwi turiko turangiza.

Igihugu c-ubwongereza naco casavye abanyagihugu baco batuye muri Kenya kwirinda ingendo zidakenewe  mu birometero biri musi ya 60 ugana ku mupaka uhuza kenya na Somaliya hamwe no mu buseruko bw-akarere ka Garissa.

Ubuserukizi bw-ubudagi muri Kenya nabwo abantu bose kwirinda ingendo zidakenewe  mu karere ka Mandela havuyemwo agace ka Mandela West , mu karere ka Lamu havuyemwo uduce twa Manda, Tana River.

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments