Leta y-uburundi ibicishije ku mushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba irabeshuza amakuru amaze imisi avugwa ko hari abasirikare b-uburundi bagiye kuwanira ku butaka bw-igihugu ca Congo, neza na neza mu buseruko bw-ico gihugu. Umushikiranganji Alain Tribert yabitangaje kuri uyu wa gatanu igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n-ubwo bushikiranganji.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba asigura ko kugira abasirikare baje mu kindi gihugu habanza kwisungwa amategeko ndetse hakanisungwa amasezerano, ikindi bikongera bikaba ku mugaragaro.
Naho umushikiranganji Tribert Mutabazi abihakana, amashirahamwe yigenga akorera mu buseruko bwa Congo amenyesha ko ahangayikishijwe n-abasirikare b-uburundi bateje umutekano muke mw-ako karere muri iyi minsi. Ndetse no mu muhari RED-TABARA urwanya Leta y-uburundi usanzwe ufise ibirindiro mu buseruko bwa Congo wemeje ko umaze imisi uri mu ntambara iwuhuza n-abasirikare b-uburundi barikumwe n-imbonerakure, urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.





Recent Comments