Musenyeri NTWAMWANA asaba indongozi z-igihugu zikomoka muri CNDD-FDD kudahatira abarundi mu kubashira mu mugambwe umwe.
Hariho ibikorwa biriko birarangurwa n-abatwara uburundi mu bijanye no guharanira amahoro hamwe no guteza imbere igihugu kandi vyari vyiza. Ariko vyinyegejemwo gushaka guhatira abarundi kuba mu mugambwe umwe uri ku butegetsi. Vyashikirijwe na Musenyeri Simon NTAMWANA , umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Gitega hari mu nkuka y-imisa yo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Nzero 2022 igihe hariko hugururwa igikorane c-imisi itatu catunganijwe n-umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
Uwo mwungere wa diyoseze nkuru ya Gitega yemeza nuko kugarukana umutekano vyari vyiza ariko guca hanyuruzwa amazimayongo abiketswe bose icaha n-ibindi bisambura imitima y-abarundi. Agasaba ko hoba guharanira amahoro , iterambere n-umutekano hatabayemwo gusiga imvune abarundi maze ntibisige umuvumo ku ndongozi z-igihugu aho zoba ziciye.
NTAMWANA akaba yibukije indongozi z-igihugu zituruka mu mugambwe CNDD-FDD ko nyimba bashize Imana imbere bakwiye guharanira intwaro rusangi ifatiye ku kwubahiriza uburenganzira bwo gushinga canke kuba mu mugambwe umurundi yipfuza.
Musenyeri Simon NTAMWANA agasaba abo bahisemwo kwitwa abagumyabanga kugendera iryo zina mu kugumana intumbero bihaye bihaye yo gushira Imana imbere ,maze barangure ishaka ry-Imana rishingiye ku gukunda Imana harimwo no gukunda umuntu nkuko wikunda wewe nyene.





Recent Comments